#Itabi_Oya : hitamwo amagara ureke itabi !

Uko umwaka utashe itariki 31 Rusama harahimbazwa ku rwego mpuzamakungu umusi wahariwe kurwanya itabi. Kakaba akaryo ko kukwibutsa amabi aterwa no gutumura itabi canke kuryihereza mu bundi buryo bwose. Uyo musi utanga n’umwanya mwiza wo gusaba abatafa ingingo ko hojaho amategeko n’imigambi bituma  kunywa itabi bigabanuka cane, binashobotse itabi rigatuzwa ubutakigaruka.  Mbega hano iwacu mu Burundi vyifashe gute ?

Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwifadikanije n’abo bafashanya ibikorwa bahisemwo ko ibikorwa nyezina vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi vyoba kuwa 7 Ruheshi mu ntara ya Cibitoke.

Uyo musi ukaba ushitse mu gihe mu Burundi habaye intambwe itari nto mu bijanye no kurwanya itabi. Yamara haracari ingingo Uburundi bugisigaye gucako kugira bushike ku mahangiro yashinzwe n’ibihugu mu maserano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono kuva mu mwaka w’i 2005.

Ico Uburundi busabwa gukora

Mu ntumbero yo gufasha ibihugu gushira mu ngiro mu buryo butomoye ayo masezerano mpuzamakungu yo kurwanya itabi haciye hashirwaho ingingo ngenderwako.

Ubwambere, igihugu cose gisabwa gukora ivyirwa vyerekana urugero itabi rinyobwako hamwe n’uko imigambi yo gukinga amabi y’itabi itunganijwe;

Ubwakabiri, hategerezwa gushirwaho ingingo zikingira abantu umwotsi w’itabi na cane cane abatarinywa ;

Ubwagatatu, gushiraho ibigo vyagenewe gufasha abifuza kuvavanura n’itabi ;

Ubwakane, gutegeka amashirahamwe ahingura itabi ko boshira kuvyo itabi ritekeyemwo ubutumwa bwo kugabisha abantu ku ngarukambi ritera ku magara yabo ;

Ubwagatanu, gucungera ko ingingo zibuza amashirahamwe ahingura itabi kwamamaza, kumenyekanisha canke gufata mu mugongo amahuriro canke ibiteramo zikurikizwa ;

Ubwagatandatu, kuduza cane amakori atozwa kw’itabi.

Urwo rugamba rugeze he ?

Muri iyi myaka iheze na cane kuva mu 2005, harakozwe ibikorwa vyinshi na cane cane vyo guhimiriza abanywa itabi kuriheba no gusaba ko atawohirahira ngo atangure kurinywa. Ukwo gutahura ayo mabi y’itabi akaba ari navyo vyatumye ibiro vy’umukuru w’igihugu vyandikira Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida babibutsa ko bogwiza ibikorwa vyo guhimiriza bashimikiye cane ku rwaruka.

Ivyo vyahavuye bikurirwa n’ishirwaho ry’itegeko rigenga ivyo kurwanya itabi riri mw’ibwirizwa ryo kuva 31 Rusama 2018. Iryo rikaba rikirindiriye amategeko aherekeza ishirwa mu ngiro ryaryo.

Muri runo rukurikirane ruri mw’isekeza ryo gukwiragiza amakuru tuzorabira hamwe amabi aterwa no kunywa n’itabi, ivyokorwa kugira rituzwe burundi hamwe n’uko hofashwa abo ryamaze kugira abaja.

Ivyo navyo bizoca ahanini mu rukurikirane rw’ibisomwa n’ubundi butumwa bugufi bizoca irya nino ibi bibazo : ni gute itabi ryashitse mu Burundi ? Ni gute imibano, amadini, akaranga vyasasiye indava kunyobwa kw’itabi ?  Ni ibihe bintu bikuru bikuru vyakozwe mu kurwanya itabi ? Kubera iki ubu arico gihe nyaco co kurwanya itabi ? Ni ayahe mabi y’itabi ku magara y’abantu ? Ni gute umuntu yokwikingira atararurwamwo ? Uwanyoye itabi akipfuza kuriheba we yovyifatamwo gute ?

Umwanya n’uyu nyene wokurwanya itabi, turituze. Narirya igihugu c’Uburundi kigizwe n’urwaruka ari narwo kazoza n’iterambere rirama bibwirizwa kwubakirako, bwabwirizwa kuba badora. Ntitwemerere rero itabi ko ribaducisha mu myanya ny’intoke.