“Inyuma y’imyaka 19 mpevye itabi, ntaco nahomvye”

Mu miryango, mu kibano canke ku kazi, nta numwe abuze umunywi w’itabi aho atumbereye. Ashobora kuba ari umugenzi, umuvuganyi eka iyo abaye umuvyeyi ho bikaza ari agahebuza. Niyonkuru Pierrot* ni umugabo w’imyaka 58 yamaze imyaka myinshi anywa itabi, none haheze imyaka 19 arihevye. Nguku uko vyamugendeye.

Nkuko Niyonkuru avyigana, yatanguye kunywa itabi akiri mu mashure mato mato. Agira ati: “Natanguye kunywa itabi ndaritumwe na mukurwanje yarasanzwe arinywa. Naca  ndaryatsa nkakwega bukebuke kugira numve  uko bimeze mize urya mwotsi w’itabi. Kuko vyashika kenshi vyahavuye biba ingeso, naho nyene ntari bwatangure kuryigurira”. Kuja mu mashure yisumbuye afise indaro (internat), vyabaye nk’imbaruzo yatumye Niyonkuru aromora mu ngeso yo gutumura itabi. Bitumwe nuko infungurwa bagabura muri iryo shure zitari zifise akonovera, Niyonkuru na bagenziwe baca binyegeza bagatumura agatabi. Bakabona kugarukana akanyamuneza. Bimaze kuba akamenyero, Niyonkuru yahavuye aza araryigurira mu kinyegero. Uko bukeye uko bwije uburyohe bwaguma bwongerekena. Gushika aho, mu muryango ntawarigere abica n’ikanda. Bishitse akarinywa ari muhira yarinyegeza hanyuma ahejeje agahekenya  ijojo canke imbombo kugira ntiritamirane mu nzu. Ahejeje amashure yisumbuye niho yatanguye kurinywera aheru. Ninaho yari yaratanguye kuronka n’amafaranga yo kuryigurira. Iyo ngeso yahavuye igera aho ataco yari agishobora guhereza amaboko adatumuye irya mbere. Ikitavuzwe coco ni agatiro atari agitora n’akimbwa ataronse itabi.

Ingwano yo kuriheba…

Abarundi bayamaze bati: “umanika agatu wicaye, hagera kukamanura ugahaguruka”. Nivyo vyahavuye bishikira Niyonkuru kuko aho yigiriye inama yo kuriheba vyahavuye bimuta kuwamazi. Niko yarabona ko amagara yiwe ariko arasinzikara, yari asigaye agwaragurika cane, ariko agize ngo ararihevye ntivyarama. Vyamara ukwezi kumwe canke abiri agaca asubira. Hari n’igihe yamaze umwaka atarinywa ariko inyota yaryo irasubira iramugondoza. “Ukunywa itabi vyaranteranije n’umukoresha ku kazi kuko atanyemerera ko ndarinywera mu nyubakwa zikorerwamwo akazi. Eka n’abagenzi twagendana batarinywa ntivyabagwa neza kuko iyo twicaranye naca mbaza kuja kwiherera nkaritumura hanyuma nkagaruka. Aho simvuze mu rugo iwanje hoho bapfana isoni n’agahinda atawuri butweruke ngo ambwire ko noja kuritumurira hanze”. Ngivyo bimwe mu vyatumye Niyonkuru afata ingingo simusiga yo kuvavanura n’itabi.

Naho nyene ntivyahavuye vyoroha kuko haribihe vyaca bimwibutsa uburyohe bw’itabi. Aho ni nk’igihe yuguruye icupa ry’inzoga, ahejeje gufungura, avyutse,… Ingwano ntiyari yoroshe, ariko yari ikenewe. Ata mubabaro namba, yahejeje ikiyago agira ati: “mu mwaka 2000, nafashwe na Malaria haziramwo n’inkorora ikaze cane. Kuko ntashobora kudomeka itabi muri ico gihe naciye mboneraho akaryo ko kwinjira mu bwami buzira ubwo bumara bw’itabi. None nubu niyo nkiba. Imyaka 19 irarumanye”.