Itabi : umugenzi tugendana tugenzanya

Itabi ni umugabo twagize umugenzi tumushira mu buzima bwacu naho nyene umubano wiwe udahumuriza namba. Atwinyegezako akaturya ahuha nk’imbeba. Mbere uwutahagabiye akaruhuka amweguye. Ni gute akora mu kutunezereza no mukutwiyegereza  kugira ntitumwiyambure ngo tumucike ? Ni muri rwa rukurikirane.

Dufatiye ku vyigwa vyakozwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho kubungabunga amagara y’abantu OMS, dusanga umuntu umwe kuri babiri banywa itabi, rimwica. Uyo mugabo tubayagira yica abantu imiriyoni 8 ku mwaka. Umiriyoni umwe  n’ibice bibiri vy’abantu muri abo nibo bapfa kubera bahumetse umwotsi w’itabi kandi ata ryo banywa, baguye mu mporero. Uyo mugabo Tabi, ubuhinga bwo kwica abantu akoresha ni bumwe kuri bose. Naho nyene ibigwanisho akoresha ari injojo. Umwotsi atumura aho aciye niwo tubisangamwo. Umuntu amaze kuwuhumeka rero aba afashwe. Ko ari umwicanyi, abantu benshi baramaze kubimenya.  Ariko bivanye nuko yica mu kayengera, bituma atawuca n’ikanda umugambi w’ubukozi bw’ikibi wiwe.

Mu kwifatira abagwa mu vyara vyiwe umwotsi wiwe niwo ubakwega. Uwo mwotsi n’uruvange rw’ubumara butandukanye. Ubwo bumara bubanza kugabanya inguvu z’umubiri wacu zo kwikingira imigera iwubangamira. Hanyuma uko imisi igenda niko ibihimba vyose vy’umubiri kuva ku mutwe gushika ku kirenge biza birashikirwa. Aho twovuga nk’amahaha, umutima n’imitsi itwara amaraso, ibihimba vy’irondoka,… Nta gihimba na kimwe kibabarirwa. None uwo mwotsi wica ukwo kose woba urimwo ibiki ? Ubwo bumara tuvuga n’ubwahe ?

Ibirwanisho vya rutura

Ubumara bwa mbere bukaze uwo mugabo Tabi agusangiza iyo mwicaranye ni nikotine. Ubwonko bumaze gushikirwa n’ubwo bumara, umuntu ntasubira kugira amahoro ataburonse. Ni naho rero bigorera ivyo ugomvye kuvavanura nawe. Ubwo bumara buca bukugira umuja w’itabi, nikotine ikaba nk’umunyororo ukuboheye kuri wa mugabo Tabi. Unamubuze  urajugumira, ukaburanirwa, ukabira icuya gushika musubiye kubonana akakurekuriramwo wa mwuka.

Umwotsi w’itabi urimwo ubumara burenga 4000. Ubushika 250 ni bwo buzwi ko bwica hamwe n’uburenga 60 butera indwara ya kanseri. Ubwo bumara buranyengetera mu mfuruka zose z’umubiri. Aho buciye hose bugenda buronona. Bumwe muribwo ni nk’urya mwuka uva mu mbabura iyo ducanye. Uwo nawo ubuza amaraso gutwara neza umwuka duhema utanga ubuzima (oxygene) gushika mu bihimba vy’umubiri. Eka ndetse uranatuma amaraso avura hakazamwo utuntu tumeze nk’utubuye. Utwo natwo dushobora kuzivya imitsi nk’iyumutima, umuntu agaca apfa bukumbi. Ubundi bumara buri mw’itabi ni nk’ikaburimbo, ibitoro vy’indege, ubumara bukoreshwa mugukora vya bigwanisho ruhonyanganda,….

Mu majambo make, uwo mugabo Tabi  atema atongora mu gacerere ntangere kuko ibikorwa vyiwe vyemewe n’amategeko. Ari naco gituma umwe wese ku giti c’iwe yoba magabo ntazosubire kuduca mu ryahumye. Nakare gukunda uwutagukunda ni nk’imvura igwa mw’ishamba. Mu kurindira ko afatwa mpiri, tugabanye imigenderanire dufitaniye n’uwo «mujama » Tabi kuko ari umugenzi mubi.

Ubu rero ko urumvise amayeri y’uwo mugabo tabi, ntuzokwitwaze ngo ntiwamenye ushatse kuyora wamaze gusesa.