Mbega agatabi uwakanyoye yogahemukira ?

Mu Burundi, naho ata cigwa kirakorwa ku rwego rw’igihugu cerekana urugero itabi rinyobwako, hari vyigwa vyakozwe nko mu mashure. Aho hari urwaruka rungana n’ibice birenga cumi kw’ijana ruri mu mashure matomato n’ayisumbuye bemeje ko banywa  itabi. Ni gute twokingira kazoza k’urwo rwaruka mu kwirinda ingaruka mbi ziva kuriryo tabi? Ngizi zimwe mu nama twogira bagenzi bacu kugira barihebe.

Kubera yuko bigoye cane guheba itabi iyo wamaze kuritangura, hari abantu benshi bibaza nimba koko bikunda ko umuntu ariheba. Inyishu ibereye ni : EGO CANE. Hari uburyo bwinshi bwo guheba itabi, bumwe bworoshe n’ubundi busa n’ubugoye gushikira bivanye n’uburyo busaba. Ubwo nabwo ni nk’ugukoresha imiti ija mu gishingo ca bwa bumara nikotine. Narirya iyo miti isanzwe itaboneka ku mazu adandaza imiti hano mu Burundi.  Naho biruko, uburyo bufatiye mu kurera umubiri wacu no guhindura inyifato burashobora gufasha uwushatse guheba itabi.

Muti gute ?

Imbere ya vyose ni ukumenya aho itabi rimenera mu kwinjira mu buzima bwacu hamwe n’ingaruka zavyo. Kuko intambwe yambere yo gukira ni ukwemera ko urwaye.

Ijambo ngenderwako rya mbere ngaha ni gufata ingingo yo guhindura inyifato. Ni vyiza kuraba neza ko iyo ngingo wayifashe vyukuri bidatewe n’ibishobisho ahubwo bivuye ku ngingo wafashe inyuma yo kwiyumvira neza. Ni navyo bituma irama.

Intambwe ikurikira ni kuvavanura canke ukagabanya imigenderanire n’abo mwahora mugendana banywa itabi. Bibaye ngombwa ukunga ubucuti n’abandi bagenzi bashobora kugufasha kuriheba. Ivyo bimaze gushoboka, aho gutinya kuvuga ko warihevye canke ushaka kuriheba ahubwo akarondera nabo musangiye ingorane mukaza murahura musangira ikiyago n’intahe.

Inyifato ifise ikibanza kidasanzwe

Kwirinda kumara umwanya munini ataco uriko urakora, nimwe mu ngingo zifasha cane. Mukubishobora bisaba  yuko n’igihe udafise akazi urondera ibindi bikorwa vyo kwinezereza nko kuramutsa incuti yawe n’abagenzi, kuvugira kw’i telephone, kuraba amareresi, kwinonora imitsi n’ibindi.

Mugisha*, afise imyaka 27, akorera imwe mu mabanki yo mu gisagara ca Bujumbura aremeza yuko iyo afise akazi kenshi atibuka kudomeka itabi. Aho ni mu gihe ari mu karuhuko urugero rwo kunywa itabi rurwizwa na kabiri canke gatatu. 

Birashika ukibaza ikibazo c’ukumenya impamvu ushaka itabi? Canke n’ikihe gihe urishaka kuruta ibindi bihe? Kwibaza ibibazo ni kimwe mu ngingo zikomeye cane kugira uhebe itabi kuko ivyo bihe nivyo bidushikana kuba umuja waryo. Hari ababiterwa n’inzoga, amarigara n’ibindi… Umaze kubimenya, nivyo ufatirako kugira umenye ico wirinda.